UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Mu bihugu bifungura nabi muri Afrika, Uburundi nibwo bwaje ubwambere ” raba urutonde hano !

UBM News ads

Mu matohoza yakozwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho gufungura neza (PAM) mu mwaka w’2013, abantu bageramiwe no gufungura nabi kw’isi yose bagera ku miriyoni 842. Abagize amatohoza bakavuga ko ibihugu vya Afrika biri munsi ya sahara arivyo bigeramiwe cane n’ico kiza c’inzara, ku rugero rw’umuntu umwe kuri batatu.

1

Mu gihe bari mu nama ijanye n’izamura ry’ubutunzi y’i Davos mu gihugu c’Ubuswisse kugira berekane umugambi bipfuza kugerako bise “Zéro faim”, ni ukuvuga “guhagarika inzara burundu”, ishirahamwe PAM ryarerekanye ibitigiri vy’abageramiwe no gufungura nabi muri Afrika.
Ibiharuro bikerekana ko mu mwaka w’2013, igitigiri c’abafungura nabi cagabutse gushika ku miriyoni 28, ni ukuvuga ibice 3,2 kw’ijana, ku mwaka ku mwaka, bagereranije n’umwaka w’ 2012.

N’aho vyagaragaye ko habaye akarusho, ishirahamwe PAM rivuga ko impinga ikiri ndende kugira ikiza co gufungura nabi kirwanywe burundu. Mu mwaka w’2013, iryo shirahamwe rikaba ryarashoboye kugarukira imiriyoni zirenga 90 z’abantu mu bihugu bigera kuri 80.
Afrika y’amaja mu buseruko na Afrika yo hagati akaba arizo zigaragaramwo ibitigiri biri hejuru vy’abafungura nabi biri ku bice 25 kw’ijana.
Ubukene, ubushomeri irwirirana ry’abantu, ubukene bw’amatongo, umwimbu muke, iduzwa ry’ibiciro ry’ibifungurwa hamwe n’iterambere rike mu bijanye n’irima, bikaba biri muvyamenyekanye bituma ugufungura nabi kwongerekana.

Urukurikirane rw’ibihugu bifungura nabi muri Afrika akaba ari uru rukurikira : Burundi (73,4 kw’ijana), Erythree (65,4 kw’ijana), Zambi (47,4 kw’ijana),Ethiopie (40,2 kw’ijana), Mozambique (39,2 kw’ijana), Tanzanie (38,8 kw’ijana), RDC (37,4 kw’ijana), Ouganda (34,6 kw’ijana), Namibie (33,9 kw’ijana) na Madagascar (33,4 kwijana).
Ku bantu bagera ku bice 73,4 kw’ijana bafungura nabi, Uburundi buza imbere mu bihugu vyo muri Afrika.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments