Mt number one yazanye impinduka m’umuziki ndundi ” raba hano

0

Mt number one umwe mu baririmvyi bagezweho m’umuziki ndundi, abandanya yerekana yuko we umuziki akora utandukanye nuw’abandi baririmvyi b’abarundi dusanzwe tumenyeyereye aho ninyuma yaho biboneka nkaho yazanye impinduka idasanzwe m’umuziki ndundi.

Mu masanamu ( Video ) y’indirimbo yiwe nshasha yise izina rya ” yasa n’irirenga ” benshi baremeza ko ikozwe neza cane ugereranije n’izindi amaze gusohora, ariko urekanye nuko ino video ari nziz cane, Mt Number one biboneka ko afise iyindi ngabirano idasanzwe yo kwandika amajambo y’inkoramutima kenshi usanga mu ndirimbo asohora.

UBM News tubibutse ko ino video yayikoreye i Bujumbura, uno muririmvyi kugeza ubu akaba ariyo ari aho yagiye kurangura ibikorwa bitandukanye harimwo n’ibijanye n’umuziki asanzwe akora.