UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

MSD ubwayo izotanga abazokwitoza mu matora yose ukuyemwo ay’umukuru w’igihugu

UBM News ads

MSD-635x325

Mw’itangazo umugambwe MSD wasohoye kuri uyu wa 24 ukwezi kwa 3 wamenyesheje ko buca ushira ahabona intonde z’abazowuserukira mu matora y’abajenama ba ama Commune eka n’ayandi yose azokurikira ukuyemwo ay’umukuru w’igihugu gusa, Ivyo bikaba bibaye inyuma y’inama idasanzwe yahuje abasanzwe barongoye umugambwe MSD hamwe na n’abasanzwe barongoye ADC ikibiri.

Muri iryo tangazo nyene MSD ikamenyesha ko itavuye muri ADC ikibiri ariko ko izoguma ikorana nabo kuko basangiye intumbero, nkuko babandanije babivuga ngo bakazonifatanya nabo mu gihe hazoba hageze gutanga uwuzokwitoza mu kibanza c’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi.

Mwibuke ko umugambwe MSD uri mu migambwe yashinze urwo Runani ADC ikibiri, bakaba batakirimwo kuko umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yemereye urwu runani akuyemwo uwo mugambwe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments