Monday, September 26, 2022
HomeNewsMoussa Faki ava muri Tchad, Ayoboye Umuryango w'Ibihugu vya Afrika

Moussa Faki ava muri Tchad, Ayoboye Umuryango w’Ibihugu vya Afrika

Mu bakomeye bahiganwa na Bwana Faki mu gice ca nyuma c’amatora yariko abera ku biro vya AU mu gihugu ca Ethiopia ni umushikiranganji w’imigenderanire ya Kenya n’amakungu Amina Mohamed, nkuko itororokanirizo ry’amakuru Reuters ryabishikirije.

Moussa Faki, Umuyobozi Mushasha wa AU

Yavuze ko iterambere n’umutekano biri ku rutonde rwa mbere mu vyo yipfuza gukora.
Umukuru w’igihugu ca Guinée Alpha Conde nawe yatowe ngo arongoye umuryango w’Ubumwe bwa Afrika.
Muri iyo nama y’iminsi ibiri, abakuru b’ibihugu bategerezwa kurabira hamwe niba igihugu ca Maroc coba gikwiye kwinjira mu muryango.

Ico gihugu co muri Afrika y’uburaruko cawuvuyemwo igihe ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika “Organisation de l’Unité Africaine” (OUA) ryemereye Sahara Occidental nk’igihugu cigenga haraheze imyaka 30, mu gihe Maroc yo ifata ico gihugu nk’intara yaco yo mu bumanuko.

Must Read

Léonce Ngendakumana avuga ko Perezida Ndayishimiye yabeshe muri ONU ko...

0
Ivyo umukuru w'igihugu c'uburundi Varisito Ndayishimiye yashikirije mu nama ya bose ya ONU igira 77 aho yavuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu...