Mogherini Asaba Amerika ‘kutisuka’ muri Politike y’Abanyaburaya.

0

Nkuko ikinyamakuru The Guardian kibivuga,Federica Mogherini, ajewe imigenderanire n’ayandi makungu mw’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, yaragabishije, ejo kuwa gatanu, Donald Trump, umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, “kutisuka” muri politike y’Abanyaburaya, akaba yariko asanisha nukuntu Donald Trump yashimagije Ubwongereza ko bwikuye mw’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya.

Mogherini yavuze ati: “Ntitwisuka muri politike ya Amerika…Kandi twiteze ko Amerika nayo itokwisuka muri Politike y’i Buraya”, akaba yabivuze mu gihe ariko ararangiza urugendo rwiwe rwa mbere agize muri Amerika inyuma yaho Trump agiriye ku butegetsi.

Federica Mogherini

Naho Donald trump yagerageje kwerekana ko ubu aha agaciro ibihugu bigize OTAN kuva abaye umukuru w’Igihugu, yarakengurukiye Ubwongereza kubona bwaravuye muri uwo muryango.

Itorwa rya Trump ryaratangaje abategetsi benshi ba Buraya, abamubona ko ari umuntu niryo kuvyerekeye kukutabona neza intambamyi Uburusiya bushobora guteza.

Mogherini yabandanije avuga ati: “Abanyaburaya bariyumva kandi barizeye ko inyungu zabo zikingiwe neza kandi ko zitezwa imbere biciye ku bumwe bwacu”, yongeyeko kandi ati: “Ubumwe bwa Buraya buzogumaho”.