Mkombozi yatangaje ibintu bidasanzwe kuvyerekeye abibaza ko azohava aheba kuririmba

0

Umuririmvyi akunzwe cane ku rwego rwo hejuru , Nzeyimana Mkombozi avuga ko atarota aheba umuziki bivanye nuko awukunda cane.

mkombozi'

Ivyo akaba abivuze nyuma yaho hasigaye hariho abantu benshi bafise amakenga ko ashobora guheba umuziki bivanye ningorane ahura nazo aho kugeza ubu izo ngorane zanatumye ahunga igihugu cu Burundi.

Nzeyimana Mkombozi yagize ati : Hariho abafise amakenga kandi nico kibazo cagarutse cane kuri Radio VOA,yuko nohava mpeba umuziki bivanye nuko maze guhura n’ ibibazo kubera umuziki ndirimba kandi ataco umuziki umpa.

JEWE NDIRIMBA UMUZIKI KUBERA NDAWUKUNDA,SINKUNDA UMUZIKI KUBERA NDAWURIRIMBA.