Umuririmvyi mukunda cane muri benshi Nzeyimana Mkombozi, inyuma y’iburabuzwa kumvo y’indirimbo yiwe ya NZEYIMANA ngo ubu umutekano afise woba ari agahengwe wifashe neza.
Mkombozi inyuma y’agacerere kenshi yari amazemwo imisi itari mike bamwe mu ba fans biwe bakaba bari batanguye kugira ubwoba ko yoba yahunze igihugu,bikaba vyavugwa cane inyuma yaho yaguma aronderwa ku bagenzi biwe nka lolilo n’abandi.Ariko murino misi ngo hoba hari agahengwe .
Uwo muraperi nyene Mkombozi ngo ntashobora guta igihugu kuko agikunda ngo yotuma akigwamwo inyuma yo guhabwa ubuhungiro atari buke akiyangira,eka ivyo vyose ngo vyoba biva kukuntu aba fans biwe bamwitayeho ndetse haba no kumushigira bakamushigikira muburyo butangaje.
Mukurangiza UBM News tubamenyeshe ko ubu umutekano wa Mkombozi uhagaze neza muri kano kanya naho biguma bihindagurika tukaba tugiye kubandanya dukurikirana amakuru ya Mkombozi.
Recent Comments