Michel Kafando Yagenywe Kuba Umuserukizi Adasanzwe W’Umunyamabanga Mukuru wa ONU Mu Burundi.

0

Leta y’Uburundi yemeye igisabo yasabwe n’Umunyamabanga Mukuru wa ONU, Antonio Guterres, co gusubiriza Jamal Benomar, Umuhanuzi adasanzwe wiwe ku kibazo c’uburundi, asubirirwe na Michel kafando.

Alain Diomede Nzeyimana, avugira Umukuru w’igihugu c’Uburundi, avuga ko ibiro vy’Umukuru w’igihugu vyaronse ikete riva ku Munyamabanga Mukuru wa ONU, rigena Michel kafando, uwahoze arongoye intwaro mfatakibanza muri Burkina Faso, kuba Umuserukizi wiwe adasanzwe, agasubirira Jamal Benomar, ku gutorera umuti amatati ahanze Uburundi. “Naho biri ukwo, ntituraronka ikete riza ryemeza igenwa rya Michel kafando”, Alain Diomede Nzeyimana niko amenyesha.

Nzeyimana, abandanya amenyesha ko Leta y’uburundi yamaze kwemera ko Michel kafando agenwa mwayo mabanga mu Burundi. “ Leta ntiyagwanije igenwa ry’uwo muntu. Ni inzobere mu bijanye nimigenderanire mu makungu. Turizeye ko azorangura igikorwa yashinzwe”, niko Nzeyimana avuga.

Michel Kafando yagenywe gusubirira Jamal Benomar

Tatien Sibomana ari mu mugambwe UPRONA utavuga rumwe na Leta avuga ati :” Turahaye ikaze igenwa ry’uwahora atwara intwaro mfatakibanza ya Burkina faso nk’Uwuserukira Umunyamabanga Mukuru wa ONU mu Burundi. Igituma abanyagihugu ba Burkina Faso baramwizeye baramuha gutwara igihe Blaise Compaoré ahungiye igihe haba imigumuko y’abanyagihugu, ni icerekana ko Michel Kafanfdo ari umwizigirwa”.

Ku bwa Sibomana, Kafando yarashikije umuhangp wiwe ku banyagihugu ba Burkina Faso bwo gutegura amatora arimwo umuco kandi adakumira. “ Afrika ikeneye abantu bameze nkuwo kuko ashitsa ivyo asezerana”, niko Sibomana abandanya avuga.

Jamal Benomar

Michel kafando aje asubirira Jamal Benomar yamuka mu gihugu ca Maroc, uwo Leta y’uburundi yari yamaze kwiyamiriza. Leta y’uburundi yari yagirije Jamal Benomar ko atanga raporo ku Burundi zihengamye muri ONU.

Sibomana akabandanya amenyesha ko na Michel kafando ashobora kwiyamirizwa na Leta y’Uburundi kubera ko Leta y’Uburundi idashaka ko hari uwuvuga amabi akorwa mu Burundi mu makungu.