Michael Flynn: Umuhanuzi w’Umutekano wa Trump Yatanze Imihoho!

0

HADAHEZE n’ukwezi Donald Trump ari kubutegetsi bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Umuhanuzi wiwe mukuru w’umutekano, Michael Flynn, yatanze imihoho ejo bundi ku mu wambere kumugoroba kubera amakuru avuga ko yahenze Icegera c’Umukuru w’Igihugu Mike Pence ku biganiro Flynn yagiranye n’uwuserukira uburusiya ku vyerekeye ibihano Amerika yafatiye Uburusiya imbere yuko Trump afata Ubutegetsi.

Nkuko vyatangajwe nibinyamakuru vyinshi vyo muri Amerika nka CNN, ABC News hamwe na Televiziyo France 24, Ugutanga imihoho kwa Flynn gushitse inyuma y’amasaha make Departema y’ubutungane ya Amerika itanze ingabisho ku butegetsi bwa Amerika ko Michael Flynn yagiranye imigenderanire n’uwuserukira Uburusiya muri Amerika, Sergey Kislyak, imbere y’uko Trump afata ubutegetsi italiki 20 Nzero 2017.

Ukugenda kwiwe ni intango ibabaje y’ubutegetsi bwa Trump bataramara na kabiri, na nubu bukirimwo akajagari bivanye n’uko Trump agomba gutwara igihugu.

Michael Flynn, yatanze imihoho

Flynn yatanze ikete ryiwe ryo gutanga imihoho haheze amasaha make Trump, abicishije ku muvugizi wiwe, yanse kuvuga ko ashigikiye Flynn ku mugaragaro, avuga ko ariko avyihweza.

Flynn yari yemeje Pence ko atayaze n’uwuserukira Uburusiya ku vyerekeye Ibihano Amerika yafatiye Uburusiya, ariko inzandiko z’amajwi yafashwe ya telephone yiwe zerekanye ko ivyo yabivuze hagati yiwe n’Uwuserukira Uburusiya.

Mwikete ryiwe ryo gutanga imihoho, Michael Flynn yavuze ati: “Ikibabaje, bivanye nuko ibintu bigenda binyaruka, nayaze na Pence n’abandi ntabibonye kandi ata makuru mfise akwiye kuvyerekeye ikiyago canje co kuri telephone n’uwuserukira Uburusiya. Nasavye imbabazi Umukuru w’igihugu ndabikuye ku mutima n’icegera ciwe, kandi bambabariye”.

Kellyanne Conway, umufasha yegereye cane Trump, yavuze ko Michael Flynn yagumye “yizeye cane” Trump.Kuruyu wa kabiri niho Conway yavuze kuri Televiziyo ko Trump yari ashigikiye Flynn, ariko ko bimaze gushika “kw’isimbo y’inuma”,aca atanga imihoho kuko vyagaragaye ko “atacemerwa”.