Nkuko musanzwe mubizi ko ( UBM News ) kwarico kinyamamkuru ca mbere c’abarundi baba hano muri America gikunzwe cane murino misi kandi kibazanira inkuru z’abarundi bivyamamare baba hano , uno musi rero dushimye kubagezaho inkuru ijanye n’umuririnvyi afise indirimbo nziza kandi ziryoshe cane ( Mt Number One ), murino nkuru rero mukaba muza kumenya ukuntu yatanguye umuziki ndetse n’intambwe amaze kugerako.
Uno muririnvyi izina yahawe n’abavyeyi akaba ari ” Etienne BARUSHIMANA ” ariko abenshi cane bakaba bamuzi kwizina rya ( Mt Number One ), yavukiye mu Rwanda muri Province ya ( Gashora ) aho naho hakaba hari mu 1992 ( January 1st 1992 ), se wiwe umuvyara yitwa (Michel NYAKAMWE ) naho Mama wiwe akitwa ( Theresa KANKUYO ) bose rero bakaba bari abanyarwanda , Mt Number One nubwo yabaye mu Rwanda haje kugera igihe aja kuba muri Tanzania, aho ubwiwe avuga ko yabaye mu nkambi ya ( Lukole, Tanzania ), muriyo nkambi ubwiwe ngo yarahakomereje amashure yintango ndese yongera aranayarangirizaho,aho hose muriyo nkambi ngo yabana n’abavyeyi biwe ariko ngo mu 2007 abavyeyi baje kwitaba Imana.
Nyuma yokuba mu buzima bwo mu nkambi bukomeye ndetse busabwa kwihanganira vyinshi, uno muririnvyi ngo yaje kugirirwa ubuntu bwo kuza gutangura ubuzima bushasha hano muri Leta zunze ubumwe za America aho naho hakaba hari mu 2008 bityo rero kuko yakunda kuririmba ngo yahise abikomeza ndetse agirirwa ubuntu bwo kubona abo bakorana.
Mt Number One asanzwe ari mu mugwi uzwi kwizina rya ( Partyboyz ) ugizwe n’abahungu babiri baba hano muri Leta zunze ubumwe za America , umwe akaba ari umurundi uwo wundi nawe akaba ava mu gihugu ca Liberian,abo bahungu bose uko ari babiri kuba barateranye bagakora umugwi umwe vyatumye bagera kuri vyinshi vyiza mu buzima bwu muziki basanzwe bakora .
Hari m’umwaka wi 2012, aho abo bahungu babiri biyunvira kuja hamwe, kubwabo, bo bavuga ko bari basanzwe bakunda kuja mumisi mikuru ( Party ) kugirango bashimishe abashabiki babo, bityo ngo ninayo mpanvu umugwi w’izina ryabo bawise ( Party boyz ).
Uno muririnvyi akunzwe cane hano muri America ( Mt Number One ) afise Studio yiwe bwite yahaye izina rya ( Indonyi Record ) iyo nayo akaba ariyo asanzwe akoresha muguhinyanyura indirimbo ziwe, Mu kwezi kwindwi ( On July 2012 ) uko ari babiri niho bashira ahagaragara Album yabo yambere yahawe izina rya ( Reflection ) iyo nayo ikaba yarigizwe n’indirimbo 11
Recent Comments