KUVA DUTANGURA IGIKORWA TWIYEMEJE CO GUSHIGIKIRA UMUZIKI , N’UMURIRIMVYI ( kazi ) Mu BURUNDI MU KUWUTEZA IMBERE UKO DUSHOBOYE ,AHO TWAHISEMWO KWIHA IZINA RYA Duteze Imbere Umuziki mu BURUNDI kuko twabonye y’uko dukwiye gukunda abaririmvyi n’abaririmvyikazi mu kubateza imbere mubokorwa vy’Umuziki bitandukanye hari mwo kumenyekanisha ibiteramo , imiziki n’ibindi vyinshi nkuko tubikora.
Twobamenyesha y’uko DUTEZE IMBERE UMUZIKI MUBURUNDI TWATANGUYE GUTEZA IMBERE UMUZIKI MUBURUNDI N’ABARIRIMVYI ( kazi ) BACU MU MWAKA UHEZE W’2013 IMBERE Y’UKO DUTANGURA UMUNSI MUKURU WA NOEL , kuva mur’uwo mwaka 2013 uko twasanze umuziki w’umuririmvyi ( kazi ) mu Burundi wari wifashe neza cane ariko hariho bamwe bamwe mubaririmvyi mu BURUNDI baba hano mu Burundi canke babarundi bari hanze y’igihugu barabura uko boshobora kumenyekana biciye mu binyamakuru bikorera kuri INTERNET canke FACEBOOK nkuko bikwirikiranwa n’abantu benshi bari kumpande zine z’isi.
Ikinyamakuru cacu DUTEZE IMBERE UMUZIKI MU BURUNDI ncaciye kibandanya mur’uwo mwaka 2013 mukwezi kw’icumi na rimwe twaciye dukora buke buke mu kumenyekanisha abaririmvyi ( kazi )bari mu Burundi hamwe n’abaririmvyi ( kazi ) hamwe n’abari hanze y’igihugu c’u Burundi.
VYATUMYE BAMENYEKANA KU MUBURUNDI NO MUMAHANGA.
DUTEZE IMBERE UMUZIKI MUBURUNDI TWARABANDANIJE GUSHIKA MUR’UWU MWAKA 2014 MUGUTEZA UMUZIKI W’IGIHUGU C’U BIRUNDI BWACU HABA MU BURUNDI CANKE HANZE Y’IGIHUGU CACU C’U BURUNDI BIKABA VYATUMYE TUGUMA DUKORANA ISHAKA MUGUTEZA UMURIRIMVYI W’U BURUNDI BWACU ,AHO UMURIRIMVYI ATARI BWAMENYEKANE UBU AKABA ARIKO ARAMENYEKANA KANDI N’UMUZIKI WIWE UMUNYEKANA BISHIMISHIJE KURUTA.
Turabashira abaririmvyi n’abaririmvyikazi babarundi mwese mukuduha amakuru y’umuziki hamwe n’amakuru y’ibiteramo kugira mugume mu menyekana ku mpande zine z’isi.
Turanashimira abakunzi mwese b’umuziki muBURUNDI mudukwirikana ku munsi ku munsi.
Recent Comments