Menya umu congoman yashizwe muri Leta nshasha

0

Nkuko ikinyamakuru INZAMBA kibishikiriza, ngo umukuru w’igihugu c’uburundi yarahonyanze ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi mu gushiraho Gaston Sindimwo nk’ icegera c’umukuru w’igihugu c’uburundi.

gastoo

Mw’ibwirizwa nshingiro ngo handitswe ko icegera ca Mbere aba umututsi nayo ica kabiri akaba umuhutu. Ivyo ngo ntivyakurikijwe kuko uwahawe ikibanza ca mbere c’umukuru w’igihugu ngo Atari umuhutu ntabe umututsi ahubwo ari umu congoman.

Ariko naho ngo biruko ku biranga ubuzima bwiwe yashize ahabona kuri uwo musi w’ukurahira kwiwe, Gaston Sindimwo yemeza ko yavuye mu Bwiza ubu naho akaba yarasanzwe aba mu Nyakabiga.

Ikindi cahonyanzwe mw’ibwirizwa shingiro mu Kumushiraho, ngo n’amajwi UPRONA yaronse kuko batashikanye amajwi yanditswe mw’ibwirizwa shingiro kugira bashobore kuja muri Leta ariko ngo baca bashima gutora muri uwo mugambwe icegera ca Kabiri c’umukuru w’igihugu.

UBM News tubibutse kandi kandi ko Gaston Sindirimwo asanzwe ari umunyamabanga mukuru w’umugambwe UPRONA wemewe na Leta ya Bujumbura.