Prince Louis RWAGASORE (yavutse itariki 10 Nzero 1932 i Gitega – yapfuye itariki 13 Gitugutu 1961 yishwe i Bujumbura hafi y’ikiyaga TANGANYIKA) yari umunyepolitike w’Uburundi n’Urwanda,yabaye Umushikiranganji wa mbere w’Uburundi amezi makeyi imbere yuko Uburundi bwikukira.
Louis RWAGASORE yari umwana w’Umwami MWAMBUTSA wa Kane (IV) n’Umwamikazi Thérèse Kanyonga.Mu 1939, yatanguye amashure matoyi i Bukeye,hama i Kanyinya hamwe n’I Gitega.Mu 1945, Prince Louis RWAGASORE yaciye aja mu Rwanda aho yiyunze n’umurwi w’abanyeshure witwa ‘’Groupe Scolaire d’Astrida’’ i Butare aho yamaze imyaka itandatu (6 ans).
Avuye mu Bubirigi kwiga Kaminuza yitwa ‘’l’université d’Anvers’’,yaciye aja muri politike mu 1956.
Muri Nyakanga 1958, yashinze UPRONA (Union pour le progress National) kugira arwanye Ababirigi hama asabe ukwikukira kw’Uburundi.Se wiwe yamuhaye ubutegetsi bw’i BUTANYERERA kugira akingire inyungu z’umuryango ariko Rudoviko RWAGASORE yihaye intumbero yo kurwanira i gihugu cose.
Muri Ruhuhuma 1960, Umwami yaciye abona yuko abangamiwe bivuye yuko Congo-Belge igihugu kibanyi cari kiramutse kironse intahe yo kwikukira.
Muri Ntwarante 1960 mu nama rukokoma ya UPRONA,RWAGASORE Louis asaba ukwikukira kw’Uburundi,asaba abanyagihugu kuvavanura n’ibikorwa vy’Ababirigi cane cane amamangazini yabo Babirigi no kwanka kuriha amakori,aho rero amatora yabajenama ba komine yarategekanijwe hagati y’ukwezi kwa Munyonyo.Mu gufungwa icamaso mu nzu ya we nyene kwari uguca inguvu umugambwe UPRONA kugira batsindwe mu matora y’abajenama ba komine.Intumbero yarashitsweko,Umugambwe ushigikiwe n’Ababirigi ariwo PDC waciye utsinda amatora.
Igenekerezo rya 18 Nyakanga 1961 haciye haba amatora y’abashingamateka acungerewe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.RWAGASORE na UPRONA batahukana itsinzi y’ibice mirongo umunani kw’ijana (80%).RWAGASORE yaciye aba Umushikiranganji wa mbere igenekerezo rya 29 Nyakanga 1961
Kuwa 13 Gitugutu 1961 ( October 13, 1961 ),Umuganwa RUDOVIKO RWAGASORE yaciye agandagurwa arashwe aho bari mu munsi mukuru bivuna umusase kw’ihoteri iri hafi y’ikiyaga TANGANYIKA.
Urwo rupfu rwateguwe n’umukuru wa BARANYANKA,umwe mu bagize umuryango w’ibwami afashijwe n’abarongoye umugambwe PDC wa babirigi.Uwa murashe yari umugiriki azwi kw’izina rya KAGEORGIS.
Kuwa 2 Ndamukiza 1962 : Baciriye urubanza uwushe Umuganwa RWAGASORE
Kuwa 30 Ruheshi 1962 : KAGEORGIS aranyongwa
Kuwa 1 Mukakaro 1962 : Uburundi buraronswa intahe yo kwikukira (Uburundi burikukira)
Kuwa 15 Nzero 1963 : Abateguye igandagurwa rya RWAGASORE bacirwa urwo gupfa maze baranyongwa kuri Stade y’I Gitega.Muri abo harimwo Abana babiri ba BARANYANKA aribo : Ntindedereza na Birori.
Umuganywa atari umugani Rudoviko RWAGASORE yashinze urwiwe kuwa 12 Nyakanga 1959 yubakanye na Marie-Rose NTAMIKEVYO bakaba bari bavyaranye Abana babiri.
Recent Comments