Sentare yo mugihugu ca Sudani yasavye ko Meriam Ibrahim arekurwa, inyuma yaho afatiwe agapfungwa yagirizwa ko yubakanye n’umugabo ari mw’idini ry’abakirisu kandi nawe yavyawe n’umusiramu.
Uwo mukenyezi wo mu gihugu ca Sudani akaba yaratawe mu mvuto, ndetse asabirwa igihano c’ukwicwa kuko yari yubakanye n’uwo badasangiye idini. Mu nyuma ibigu bitandukanye bikaba vyariyamirije iryo pfungwa hamwe n’ico gihano yari yasabiwe. Igihugu c’Ubwongereza co, kikaba mu kwezi kwa Rusama guheze, carahamagaye uwusanzwe aserukira Sudani muri ico gihugu, mu ntumbero yo kwiyamiriza ivyariko birakorwa n’ubutungane bwa Sudani, mu gupfunga umuntu bamuhora kwubakana n’uwo badasangiye idini.
Twobibutsako Meriam Ibrahim yibarukiye mw’ibohero umwana w’umuhungu, igihe yari arindiriye ko ajanwa kwicwa nk’uko sentare yari yamusabiye ico gihano, ariko ivyo bikaba vyategerezwa kuba abanje gukubitwa inkoni ijana, kuko mu vyo yagirizwa harimwo n’icaha c’ubushurashuzi.
Recent Comments