Wednesday, June 7, 2023
HomeLoveMenya hano ibintu 10 bidasanzwe wokora kugirango wigarurire umutima w'umukunzi wawe

Menya hano ibintu 10 bidasanzwe wokora kugirango wigarurire umutima w’umukunzi wawe

Urukundo rwawe rurimwo ibibazo vyotuma rurangira, canke se ruza rwanararangiye, Umukunzi wawe yarakwanse, ntakigukunda nka kera canke ubu yabonye uwundi mukunzi, ubwo niki wokora kugira ngo wongere wigarurire umutima w’uwo mwakundanye ? murino nkuru inyishu zose uza kuzisanga hano kuburyo umuntu wese ukunda ushobora kumwigarurira.

couple-unhappy-black

Burya ngo nta kindi kintu gisabwa ukore kiretse ko ari ukumugarukana mu nzira nziza hamwe no kuvuga ibintu bituma agukunda cane vyo gupfa. Ibi n’ibintu bikomeye vyogufasha gutuma usubira mu rukundo ukongera kwigarurira umutima w’umukunzi wawe.

1. Manza wiyunvire impamvu ushaka gusubira gukundana nawe: Ese n’iki catumye dutandukana, nije vyavuyeko canke niwe? Ese yambwiye amajambo mabi? Ese yankoreye ibintu ntakunda? Ese yarambeshe anca inyuma? Subiza amaso inyuma urabe ivyo mwaciyemwo mu rukundo hanyuma wiyumvire nimba ari ngombwa gusubirana nawe kuko gutandukana kwanyu bishobora kuba vyiza kuri wewe ariko niwumva atari ngombwa umureke yigire nawe uzobona uwundi agukwiye.

2. Ntugume umwiruka inyuma : Mu minsi ya mbere iyo uhebanye n’umukunzi wawe, ntuzigere umwirukako umwama inyuma ahubwo uzomwihorere umere nk’umwirengagiza urabe ko ariwe azoza kukwironderera kuko niwamwama inyuma ntanakimwe kizotuma ahindura icemezo ciwe. Kumwirengangiza canke kwigira Bizy bizotuma we abona ko umukeneye nk’uko nawe agukeneye.

3. Ba uwo yakunze: Ibihe ntibihinduka ahubwo abantu nibo bahinduka. Hari igihe umara gukundana n’umuntu ariko uhejeje ugaterera agati mu ryinyo ntiwongere kwifata neza nkuko wahora wifata. Yagukunze kubera ko yumva ameze neza iyo muri kumwe. Ese warahindutse? Subiza amaso inyuma urabe uko warumeze mu gikundana ugerageze kongera kumera gutyo cane cane ku mutima. Ugerageze kwishima nogutwenga muri ivyo bihe bibi urimwo, kuko niwabandanya kurira, kwiheba ntabwo azipfuza gusubirana nawe.

4. Ijambo rya mbere uzomubwira wongeye kumubona ribe iry’agaciro: Guhera ubu niwongera kumubona canke kuvugana nawe uzitonde. Arabizi neza ko yakubabaje ivyo uzovuga vyose azihagararaho kandi ntihagire na kimwe bimubwira. Uzirinde kubabara cane imbere yiwe hamwe no kumubaza uti ese wabitewe n’iki? Ndabizi umufitiye ishavu ariko ntugomba kubimwereka na gato? Gerageza kumubwira neza nk’uwakira umushitsi canke umukiriya kandi wiyoroshe. Ibi bizotuma akwibazaho vyinshi.

5. Gerageza kumwibutsa ibihe vyiza mwagiranye: Burya iyo wakundanye n’umuntu akenshi uba ufise amahirwe menshi yo kumutwara umutima kurusha uwundi batigeze bakundana, kubera yuko kenshi uba umuzi. Nimba hari impuzu wahora wambara akayikunda cane, ukore kuburyo akubona wambaye iyi mpuzu nyene, nimba hari ahantu yakunda gutemberera,nimba bishoboka uhamujane canke umurungikire ifoto yaho. Kora ibishoboka vyose kugira ngo yibuke ibihe vyiza mwagiranye.

6. Mwigane: Nimba ugize itombora ryo kuganira nawe, za urumviriza amajambo akoresha iyo ari kuvuga nawe uyasubiremwo uyatangure , nimba akwicaye iruhande gerageza kwigana uko yicaye nawe ubikore kandi aboneko umwitayeho. Ibi ntabwo ubikora mu rwego rwo kumusubira mu kanwa canke kumwigana ahubwo ubikora kugira ngo aboneko ubwumvikane hagati yanyu ari bwose kandi ko ibintu muri kuvyumva co kimwe.

7. Gira igikorwa mufatanya: Uko muhuye ntugomba burigihe kwama umubaza ibibazo mufitaniye ngo abe arivyo muvugana gusa. cishamwo mugire umwanya wo gutwenga no kunezerwa. Musabe ko mwokorana sport, ko mwotemberana, ko yoguherekeza canke wewe ukamuherekeza , gusenga canke ahandi hotuma mutavuga ibibazo bibahanze. Ariko we niyashaka kubandanya abivugako uzomwumvirize kuko azoba ashaka ko bubirangiza uko vyogenda kwose.

8. Mumenyeshe ko wama umwiyumvira : Nimba hari nk’ahantu mwahora mukunda guca muri kumwe canke aho mwatemberera mwese, ushobora kumurungikira ubutumwa ukamubwira uti : hahantu nashitseho ariko nahindukiye mbona ndi jenyene nca ndakwibuka. Ukaboneraho no kumubaza amakuru yiwe, kuburyo nawe abona ko umwitaho cane mukumwiyunvira.

9. Igire Neza : gira isuku kandi ugerageze gusa neza bishoboka, kumyambaro no kumubiri. Umushatsi, ubwanwa, ukore ibishoboka vyose kugirango use neza.

10. Ntucike intege: Menya yuko buri munsi hari abakunzi bongera bagasubirana naho boba baratandukanye. Ntucike intege kubera abagenzi bawe bakubwira ko ndakwanse itavamwo ndagukunze, canke bakakubwira ngo naho mwosubirana ntibizogenda neza nka mbere. Ndakubwiza ukuri ko nimwasubirana urukundo rwanyu ruzoba rwiza kandi rukomere cane kurenza nuko mwakundana mbere yabo.

Must Read

Perezida wa Kenya William Ruto asaba bagenzi we ba Afrika gutera...

0
Umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto asaba bagenzi we bo ku mugabane wa Afrika gutera intambwe ikomeye igana mu bijanye no guheba gukoresha idorare...