Bamwe bati ” ese Kuki amasezerano y’ Imana ateba cane ? Twebwe ico twemera nuko koko amasezerano yacu atari ayavuba kukw’Imana yadusezeranije ivyiza kuva kera, muri Biblia hari ahantu havuga ko turi abo yaremye ituremeye ibikorwa vyiza muri Kristo Yesu ngo tuyigenderemwo (Abenyefeso 2:10)
Twagerageje gurondeza impanvu nyamukuru yoba itera Imana guteba kwishura ibibazo vy’abantu dusanga ko hamwe na hamwe ko aritwebwe nyene abana b’abantu tuvyitera ” Hari aho umuntu asenga cane ariko haheze iminsi mikeya gusa agaca ahagarika ejo akaba yaguye, ivyo kenshi rero biratevya amasezerano y’Imana kuko aho wasezeraniye n’ Imana uba warahavuye.
Wisuzume umenye neza icatebeje amasezerano yawe hanyuma umenye uko uvyitwaramwo, wame usenga cane kuko Satani we ntiyicaye nagato kuko akora uko ashoboye kwose kugirango agutware mu vyaha ndetse anagukure kumasezerano y’Imana.
Recent Comments