Abantu birabagora kumenya ko umuntu kanaka agukunda, ariko iyo umukobwa yakunze umuhungu hariho ibintu bimwe bimwe umuhungu ashobora kubibonera ko. Ibi tugira tubabwire aha munsi vyogufasha kumenya ko umukobwa ari umugenzi asanzwe canke ko agukunda ariko agatinya kubikubwira.
1) Umukobwa iyo yakunze umuhungu amuvuga kenshi iyo ari kumwe n’abandi akagomba kubumvisha ko uwo muhungu adasanzwe ivyo abigira ariko agerageza kunyegeza ko amukunda.
2) Ashaka ko yogumana n’uwo muhungu, aho naho ararondera ikintu cose cotuma babonana. Hari abahitamwo kwigwaza kugira uwo muhungu aje kumusuhuza, canke iyo afise amahera agasohokana uwo muhungu.
3) Ntashaka kwumva canke kubona uwo muhungu amerewe nabi, amwiyegereza cane kandi akanashaka kumenya vyinshi bijanye n’ubuzima bwiwe. Ashobora kubaza amazina y’abo bavukana n’ay’abavyeyi canke izindi ncuti.
4) Ntashimishwa no kubona canke kwumva ko hari abandi bakobwa bazinanye canke afise uwo bakundana. Umuhungu avuze neza uwundi mukobwa wawundi biramushavuza, kenshi na kenshi haraho aca amuvuga nabi kugira agati gacurike amwikuremwo.
5) Ica nyuma cibonekeza cane, n’uko uwo mukobwa akunda kukuraba cane. Ari nko mw’ishuri, mw’isengero canke iyo muri mu bantu benshi aguma akuraba. Aragerageza akaja ahantu ashobora kuguma akubona.
6) Abarundi bati :” Amaso akunda ntabona neza”. Umukobwa yakunze umuhungu ntiyigera abona ikosa na rimwe, abona ko atawundi muhungu mwiza abaho atari we. Naho hogira uwumuvuga nabi, abona ko ari ukumwanka.
Recent Comments