Mu rwego rwo kugirango bitakuviramwo kubonwa nabi canke guhagarara k’urukundo war’utanguye kandi wipfuza ko rutera imbere, aya ni amakosa 20 ukwiye kwirinda mugihe ugiye kubonana n’uwo mutegura gukundana :
1.Gucererwa
2. Kwambara nabi (ukurikije uko umubona) nkakarorero : Impuzu yigeze kukubwira ko ikubera mugihe uyambaye canke ko akunda vyaba vyiza ariyo wambaye mugihe mugiye kubonana.
3. Kwisiga ukarenza urugero ku buryo yonakuyoberwa ntakumenye.
4. Kutamutega amatwi, kwishinga usamara mugihe ariko aravuga ” ubwo nivyiza kumwunviriza ”
5. Kubaza ibibazo vyinshi
6.kwiyoberanya ” ugashaka kwigira uyundi muntu ”
7. kwitanguranwa kwishura igihe mwahuriye ahantu mugira ico mufata kandi ariwe wagutumiye
8. Kuvuga kuwo mwahoze mukundana ” ibi nibibi cane ”
9. Kurya uko udasanzwe ariko no kwarura vyinshi utamara ni amakosa mugihe muba mwasohokanye.
10. Kumubwira imipango yawe yakazoza kandi atayikubajije
11. Kumudondorera ibibi wahuye navyo n’abandi mwakundanye imbere yiwe kandi atabikubajije
12. Gushaka kumwereka ko umwishimiye nko kumutamika igihe muri gusangira (bwa mbere muhuye si vyiza)
13. Kuvuga kubintu bijanye n’igitsina
15. kwiyemera
16. Kumuha amakuru menshi cane kandi atayo akubajije
17. Kumwereka ko yaguteye isoni ugahungira kuri telephone kandi mwafashe umwanya kugirango muganire
18. Kumwereka ko amakuru yose yiwe ko uyafise neza, niyo woba uyazi ngo vyoba vyiza umuretse akayakubwira nyene ubwiwe.
19. Kumwereka ko uzi vyose
20. Kumunegurira abandi bantu ” Akarorero kugaya abo mwigeze gukundana
Recent Comments