UBM News ads
Tuesday, December 5, 2023
No menu items!
UBM News ads

Menya hano amabanga 5 akomeye yogufasha mu gutereta umukobwa mubana hamwe !

Hari igihe uba ubana n’umukobwa ukabura uko umubwirako umukunda, ukanabura nuko ubimwereka ariko yamara kwigarurira uwo mukobwa n’ibintu bishoboka cane. ica mbere bisabwa umenye ko atamuntu aja k’urugamba atakigwanisho yitwaje kandi kugira ibigwanisho vyinshi siko gutsinda urugamba.

Singiye kukubesha gutereta bisaba inguvu nyinshi, aha tugiye kurabira hamwe bimwe mu bintu wokoresha mugutereta umukobwa mubana hamwe.

1) Ukuntu wambara : Kwambara neza ntibivuga kwambara impuzu izimvye gose, nimba wirirwa mudukabutura canke mudupantaro tubiri indwi yose igahera hanyuma iyindi igakwirikira ivyo bisabwa uvyibagire ubihebe, Hita ugende ugure impuzu nshasha kugirango uzoze urahinduranya, Nimba uwo mukobwa akunda gusenga ugure n’impuzu uzaza urajana mumisa. Nimba ufise ubwanwa burenze canke imishatsi nk’iyabasazi ugomba kubaza mushiki wawe canke uwundi nimba bikubereye, yavuga oya ukabivanaho. Kuko umupango yawe ni ukwiraba ukabona ko wahindutse k’uburyo uwo mukobwa nimwahura azokuyoberwa. Kandi ugomba guhora wambaye neza ahuri hose.

2) Kumwiyegereza: Nimba uwo mukobwa mutazinanye kandi mutari musanzwe muvugana ariko ukaba wahora umubona yitahiye canke mugahurira mwibarabara , nimba yahora aza iwanyu kuraba mushiki wawe wewe mutavugana iki nico gihe co kumwiyegereza. Nimba uwo mukobwa ari umukizwa bisabwa nawe uze uraja gusenga ukamwicara imbere kugirango akubone, Nimba naho uwo mukobwa ari umupagani ahoho bizoba vyoroshe kuko worondera ahantu aba yibereye n’abandi bakobwa ukamusangayo.

3) Kutamwirukanka inyuma: Nimba aguhaye nimero ziwe ntabwo ugomba kumubuza amahoro umuhamagara amasaha yose. Nimba mumaze kumenyana nawe k’uburyo woba usigaye unamutemberera iwabo ntabwo ugomba kwirirwa uhorayo burimunsi, Kuko bituma akumenyera aka kurambirwa. Nubwo mwoba mubana ugomba kuraba uko wiburisha ukamwereka ko uri umugabo ukunda akazi, Ugomba kumwereka ko ufise izindi ncuti nyinshi z’abakobwa ko atariwe wenyene aba kw’isi. Ivyo bizotuma afuha ashake kukwiyegereza uko niko abakobwa bameze. Iyo abonye atamukobwa wundi ukwitaho bituma agupinga canke iyo abonye uhora umwiruka inyuma, Nimba kandi aje iwanyu atagahunda mwari mufitaniye ugomba kumwereka ko uri mukazi canke ko hari ahantu ugiye.

4) Ntukavuge amajambo menshi: Nimba yagutembereye canke wewe wamusuye ntukavuge amajambo menshi, kugera aho ushakako ubandanya wivuga ibigwi vyawe. Ntuze wigere umubaza ibibazo vyinshi nkaho umengo ari mu Exam , Abakobwa Ntibakunda umuntu nkuwo, Ntuzamuhatire kukubwira ikintu mugihe atabishaka, Nimwaba mwicaye ariko ukabura ico kuvuga ntuzobire icuya ngo utangure uvuge ibiterekeranye. Uzikarume umukubite akajisho nimukubitana amaso uzamutwengere burya hari amajambo amaso avuga umunwa utoshobora kuvuga. Nakubaza impamvu umuraba ugatwenga uzamubwire ko iyo umubonye ivyishimo vyuzura mu mutima wawe.

5) Ntuzomare amahera yawe : Ntuzopfushe amahera yawe ubusa umugurira ibintu bizimvye kugeza aho ubura ayo kwishura inzu ubamwo, aha bisabwa witonde kuko abakobwa benshi iyo bamaze kumara amahera y’abasore baca bigira.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments