Kuri ino si ya Rurema hari abantu usanga bafise amafaranga menshi kandi abo bantu bari mu mice itandukanye.Uyu musi twashimye kubereka abarongoye ibihugu batunze kurusha abandi kumugabane wa Afrika.
Dukurikije urutonde rwashizwe ahabona n’ikinyamakuru Richest Lifestyle ,dusanga Jose Eduardo dos Santos wa Angola ariwe aza ubwambere mubakuru bibihugu batunze cane muri Afrika muri uyu mwaka.
Urwo rutonde rumeze uku :
1. Jose Eduardo dos Santos wa Angola :Miliyari 20 z’amadolari Jose Eduardo Dos Santos yagiye ku butegetsi mu mwaka w’1979 akaba afise igifovya camafaranga angana na Miliyari 20 z’amadolari.Umukobwa wiwe Isabel Dos Santos nawe akaba ariwe mugore wa mbere akize ku mugabane wa Afrika aho afise imiliyoni 3,8 z’amadolari.
2. Umwami Mohammed VI wa Maroc: Miliyari 2.5 z’amadolari Umwami Mohammed wa VI w’igihugu ca Maroc, azwi mu bikorwa bitandukanye vy’ubudandaji , ubu afise imiliyari 2.5 z’amadolari.
3. Teodoro Obiang Nguema Mbasogo wa Guinea Equatorial:Miliyoni 600 z’amadolari Ku myaka 34 amaze ku butegetsi,afise amadolari miliyoni 600 hatagiyemwo ubundi butunzi ndetse n’ibindi bikorwa.Mu kwezi kwa 11 mu 2011 iguhugu cya Leta zunze ubumwe za America cafatiriye miliyoni 70 z’amadolari y’umuhungu wiwe yitwa Teodoro Nguema Obiang Mangue.
4. Uhuru Kenyatta wa Kenya: Miliyoni 500 z’amadolari Uhuru Muigai Kenyatta,umuhungu w’uwahoze ari prezida wa Kenya Jomo Kenyatta afise amadolari miliyoni 500 hatagiyemwo ubundi burunzi ariko bikavugwa ko amafaranga menshi ayakura mu bikorwa bitandukanye vy’ubucuruzi vy’umuryango wiwe.
5. Paul Biya wa Cameroun:Miliyoni 200 z’amadolari. Ku myaka 31 amaze ku butegetsi muri Cameroun,Paul Biya afise amadolari miliyoni 200 hatagiyemwo ubundi butunzi canke amahera ari mubindi bikorwa.
6. Umwami Mswati III wa Swaziland: Miliyoni 100 z’amadolari. Ku myaka 28 Muswati wa III amaze ku bwami bw’igihugu ca Swaziland,afise amadolari miliyoni 100,ayo mafaranga akaba yaragabanutse ugereranije n’ayo yari afise mu mwaka w’20012(miliyoni 200).Uyu mwami kandi akaba azwiho kugira abagore benshi kandi akabatakazaho amafaranga menshi ndetse akaba akunda ibintu vyo kwiryohera cane mugihe igihugu ciwe gikenye.
7.Good Luck Jonathan wo muri Nigeria:Miliyoni 100 z’amadolari Ku myaka ine gusa amaze ku butegetsi,prezida Good Luck Jonathan wa Nigeya afise amadorali miliyoni 100 tudashizemwo ubundi butunzi.
8. Idriss Deby wa Tchad:Miliyoni 50 z’amadolari . Idriss Deby yarongoye igihugu ca Tchad kuva mu mwaka w’1990 ubu afise amadorali miliyoni 50 z’amadorali hatagiyemwo ayari mu bindi bikorwa.
9. Robert Mugabe wa Zimbabwe: milliyoni 10 z’amadolari Robert Mugabe ni prezida w’igihugu cya Zimbabwe,akaba afise amafaranga imiliyoni 10 z’amadorali tudashizemwo ayari mu bikorwa bitandukanye.
Recent Comments