Melchiade NZOPFABARUSHE yavuze ivy’uguta abantu muri Tanganyika yakuwe mw’ibohero

0

Melchiade NZOPFABARUSHE, umunywanyi w’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi akaba n’umukuru w’ishirahamwe ry’imvukira za komine Kabezi intara ya Bujumbura yarekuwe kuva kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 20 Ruheshi 2018, akurwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba, mu gisagara ca Bujumbura, aho yari apfungiwe kuva mu kwezi kwa kane. Yari yafashwe inyuma y’amajambo yashikirije abanywanyi ba CNDD FDD muri komine Kabezi aho asanzwe avuka.

Melchiade NZOPFABARUSHE yabwiye abariko baramwumviriza ko ivyo abashikirije ari ubutumwa yarungikanwe, kandi bwatanzwe mu gihugu cose.

Mu masanamu yaciye ku mbuga ngurukanabumenyi, Melchiade NZOPFABARUSHE yigeze kuba ari umukuru wa Sentare ijejwe kurwanya abarya igiturire yabonetse ari imbere y’abanywanyi ba CNDD FDD ariko abashikiriza ico yise ubutumwa yarungikanwe. Bumwe muri ubwo butumwa, kwari ukugabisha abazotora “OYA” mu matora y’ibwirizwa shingiro yimirije. Melchiade NZOPFABARUSHE yamenyesheje ko mu mugambwe CNDD FDD bamaze kwumvikana ko abo ari ukubata mw’i Tanganyika.

Muri ubwo butumwa, uwo munywanyi akomeye wa CNDD FDD yagize ati : “Hakaba hari umukeba azigisha ibitajanye n’ivyo igihugu kirondera, twebwe ntituri kumwe. Turamukaravye. N’ubwato twarabukoresheje, tuzoshira muri Karonga, tumanurire mw’i Tanganyika bace bigira iyo bashaka. Na kare amafi yari yabuze muri aya mazi yacu. Tuzobashiramwo bigire muri Congo n’amaguru. Mu gihugu cose, mw’ikomine yose. Uwuhagarariwe n’ingwe aravoma. Umugambwe CNDD FDD ni umugambwe upanze mwarabonye ingene vyagenze.”

Inyuma y’iminsi 15 ashikirije ayo majambo, niho Melchiade NZOPFABARUSHE yafatwa, atwarwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba, acirwa igihano c’ugupfungwa imyaka itatu, mu rubanza rw’ikibiriraho, mu ntahe y’icese yashashe aho nyene mw’ibohero rikuru rya Mpimba, yagirizwa ko yatanze ubutumwa burimwo gutera ubwoba, ukugumura, gukwiragiza ibihuha bituma abantu bahunga, guteranya abanyagihugu n’ubutegetsi, hamwe n’ugutyoza umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi.

Inyuma y’amezi abiri gusa apfunzwe, Melchiade NZOPFABARUSHE aridegemvya, akaba yashitse mu muryango wiwe kuri uwu wa gatatu.

Umuvugizi wa Sentare ntahinyuzwa, Agnes BANGIRICENGE aremeza ayo makuru y’irekurwa rya Melchiade NZOPFABARUSHE, ariko akaba avuga igituma yarekuwe igihano yahawe kitarahera, aza kugishikiriza kuri uwu wa kane.

Turabigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.