Megzike: Abantu benshi biyamirije Donald Trump.

0

Abantu ibihumbi bo muri Megzike bakoze imyiyerekano yo kwiyamiriza Donald Trump, Umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe Za Amerika, biyamiriza mu mvugo zabo urwanko Trump yerekana mu mvugo yiwe kuri Megzike n’umwiyemezo wiwe wo gutuma Abanya Megzike batanga amafaranga ku ruhome rwiwe “runini, kandi rwiza cane”, urwo Trump avuga ko azokwubaka rugabure Leta Zunze Ubumwe Za Amerika n’igihugu ca Megzike.

Nkuko Televiziyo France 24 yavyerekanye mu gatondo kuri uyu wa mbere, mu gisagara ca Megziko, umugwa mukuru wa Megzike,igicapo kimwe gitwawe n’abamwiyamiriza cari kiriko amajambo agira ati : “Trump,Megzike itegerezwa kwubahwa”, ivyo bakabigira bareretswe n’igipolisi.

Abariko biyamiriza Trump i Megzike

Hari nuwari yambaye umupira uriko ifoto ya Trump afise ubwanwa nk’ubwa Adolf Hitler, umudictateri yahoze atwara Ubudagi. Ivyo vyatumye nibindi bisagara 20 vyifatanya nabanya Megziko muriyo myiyerekano, mugihe hari abakora imyirekano bashika 20000 mugisagara gusa ca Megziko.

Imigenderanire hagati ya Amerika na Megzike yarasubiye hasi kuva itariki 20 Nzero 2017 Trump afashe ubutegetsi.
Donald Trump,uwatanguje imyamamazo yiwe yo kuba umukuru w’igihugu mu kwita abanya Megzike b’abimukira ko ari “ inkozi z’ibibi” kandi “bafata abandi ku nguvu”, yarashavuje abanyamegzike kubera umugambi wiwe wo guhagarika abimukira batemewe n’amategeko mu kwubaka uruzitiro rugabura ivyo bihugu bibiri.