Aba islam bapfiriye imaka kugeza ubu bageze ku 4,173

0

Aho neza na neza ni kumusigiti mukuru wo mugihugu ca Arabi Saudite aho buri mwaka bakunda guhurira ab’Islam bavuye mu bihugu bitandukanye vyo kw’isi, wihweje neza bamwe bariko bagwanira gukora ku kintu kimeze nkikibuye kandi kugira uhakore vyukuri urabona ko ari ibintu bigoye kuko abantu barenga imiriyoni zibiri za bantu baba bahakoraniye ngira namwe muravyumva ko kugira uhakore bisaba kugenda urasunika mugenzi wawe ubona imbere yawe murumva ko bigoye.

01

Mugihe bamwe baba bariko barwanira gukora kurico kintu kimeze nkikibuye abandi baba bariko batera utubuye kukintu  kimeze nkigihome kirekire cane.

Ibibazo abantu benshi babandanya kwibaza :

  • Mbega kobavuga ko baba bagiye murugendo rweranda bashitseyo bicabihinduka?
  • Mbega ivyo vyokurwanira gukora kukintu kimeze nkikibuye boba bagikoraho kuberiki?
  • Mbega ayo mabuye batera ico kintu kimeze nkigihome boba bagiterera iki amabuye?
  • Mbega kuberiki batanga itegeko ko Atamwana yemerewe kujayo atarakwiza imywaka irenga cumi numunani (plus de 18ans) n’ukubera iki?

Ibibazo n’ivyinshi ntitwobivuga ngo tubimare, tworangiza tubamenyesha yuko abo baherutse kugenda muribo abashoboye kugaruka ari bake kuko kugeza ubu urutonde rushasha rwemeza ko abarenga 4,173 bashoboye gupfa, naho abarenga 769 abandi barenga gato  934 bakaba barashoboye gukomereka cane.

Tworangiza tubamenyeshako gushika nubu igihugu cashoboye kubura abantu benshi bari bagiye ngaho mugihugu ca Arabi Saudite ari igihugu ca IRAN