MSD – Pr. Pierre Nkurunziza azohava bamuboshe Minote

0

alexis-4-f96ed

Umukuru w’Umugambwe MSD Alexis Sinduhije yamenyesheje kuri uno musi mu makuru yaciye kuri imwe mu ma radio y’i Bujumbura ko Umukuru w’igihugu nka hamwe atokwumva akamo abarundi bariko bamutera ko ashobora kuzokurwa ku butegetsi nabo nyene bamwambitse minote. Muri ayo makuru nyene yabandanije amenyesha ko batazokwemera na gato ko aguma ku butegetsi.

Yanamenyesheje ko aho abarundi bahagaze ku bijanye n’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu ari naho Imana ihagaze nkuko ngo bishikirizwa n’umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu kuko yamuhanuye kutazokwitoza kandi kuko imana yamumutumyeko. Nayo abarundi akabatera intege abamenyesha ko iyo myiyerekano iriko iraba bari bakwiye kuyitabira ari benshi gose kugira bagondoze umukuru w’igihugu n’akarwi kiwe bateshwe bate bahunge.

Ivyo akaba abishikirije mu gihe ku musi wa gatanu umugmbwe MSD urikumwe n’iyindi mugambwe hamwe n’abirukanywe mu mugambwe CNDD FDD bahamagariye abanyabujumbura kuja mwi barabara kandi bakaba baritavye akamo naho bajuragijwe n’abajejwe kubakingira.