Mbonimpa yahawe uruhusha rwo kuvurirwa hanze y’igihugu

0

Mbonimpa Pierre Claver ahejeje kwemererwa gushobora kurengana imbibe z’igihugu agiye kwivuza nkuko umuryango wiwe ufadikanije n’abashingwamanza ba Mbonimpa babisavye.
Pierre Claver Mbonimpa in Bujumbura

Urwandiko rwabonetse kuri uyu mugoroba w’uyu wa gatatu rushizweko umukono n’icariho c’umushikirizamanza mukuru mu gisagara ca Bujumbura aho amenyesha ko arekuriwe gusohoka Uburundi kubera amagara amukitse.

Mwokwibuka ko ata bubasha yarafise bwo gusohoka igihugu kuko yarapfunzwe icamaso kuva kuri Dossier Kiriba Ondes.