Pierre Claver Mbonimpa yatwawe ahantu hataramenyekana.

0

Mu gihe abarundi batandukanye bari mu mabarabara bariko biyamiriza ikiringo ca gatatu ca petero nkurunziza, abanyepolitique bari ku ma radio atandukanye bakoma induru ngo ico kiringo ca gatatu catanguye gusesa amaraso ngo agihebe ku neza y’uburundi eka n’amakungu akaba yatanguye kubitera ivyatsi, imitahe iguma isohoka igamije guhagarika abatandukanye bariko bahamagarira abarundi mw’ibarabara.

pc-mbonimpa

Gushika muri kano kanya, isaha ya sasita z’umutaga hari hamaze gusohoka imitahe ishika kuri itatu uwa Vital Nshimirimana arongoye FORSC, uwa Pacifique Ninahazwe arongoye FOCODE hamwe n’uwusanzwe arongoye APRODH Mbonimpa Pierre Claver.

Mu gihe bariko barabuza ko ama radio ashika kuri 5 yari yagiye hamwe atanga ibiganiro, Mutama Pierre Claver Mbonimpa yaciye atwarwa n’imodoka ifise imparati numero C5448A ifise ibiyo bitabona, hakaba hataramenyekana iyo yajanwe.

Ivyo bikaba bibandanya gukorwa mu ntumbero yo kuburabuza abariko bariyamamaza banka ikiringo ca gatatu ca Petero Nkunziza.