MBONIMPA : Aya magogwa ndiko ndabona azobere inyishu ikibazo c’Uburundi

0

Umuhungu wa Petero Karaveri MBONIMPA aheruka kugandagurirwa ku Mutakura yashinguwe mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri.

Incuti n’abagenzi ba Welly Fleury NZITONDA bari bagiye kumusezera irya nyuma, inkuka y’imisa y’ukumushikiriza Imana ikaba yabereye kuri paruwasi yitiriwe ababikira Bene Berenadeta.

well

Mu gihe Petero Karaveri MBONIMPA yariko abikurikiranira ku masanamu aho asanzwe ari ku musego mu gihugu c’Ububirigi, yarungikiye ubutumwa abari bamubereye mu kibanza.

Muri ubwo butumwa yagize ati : Ndiko ndabikurikirana ku masanamu. Nagomba nshimire abo bantu bose bahambereye nk’uko nari nabibasavye, kuko umuhigi ari kure atavuna imbwa. Ntihagire uwihebura kubera aya magogwa turimwo. Imana irabifitiye inyishu.
Nayo Welly wanje agiye kubana nayo imyaka idahera.
Aya magogwa ndiko ndabona azobere inyishu ikibazo c’Uburundi kandi ndavyizeye kandi atari kera. Imana yo mw’ijuru atari iyo hejuru ihabwe icubahiro. AMEN”

we2