Mbega Natacha Ngendabanka yoba agiye gukorana indirimbo na Harmonize?

0

Nyuma yo gufata urugendo ku munsi wa kane yerekeza igihugu ca tanzania,umuririmvyi w’umurundikazi Natacha Ngendabanka yashize hanze ishusho arikumwe n’umuririmvyi rurangiranwa wo mu gihugu ca tanzania,umuririmvyi ari mu mugwi umwe n’igihangange Diamond,umuririmvyi Harmonize
natacha
Iyo shusho ikaba yatangaje abantu benshi cane aho batanguye kwiyumvira ko Natacha agiye gukorana indirimbo nuyo muririmvyi kuko uyo muririmvyikazi Natacha yagiye muri ico gihugu agiye gukora indirimbo mu nzu ihinyanyura indirimbo ya Wasafi,inzu ikoreramwo umuhinyanyuzi Lizer Classic

Ikinyamakuru cacu kikaba kibemereye ko kigiye kubakurikiranira hafi ivyerekeye iyo nkuru