Mbega Ikiroberi kigeze hehe? soma ngaha ivyo bategura gukora vuba

0

1_3_-c04a5

Umugambi wo gutera Uburundi ntukiri uwo kuvugira mu rupfuri kuko abavyemera bamaze kuboneka, uwo nawe ni General de Brigade Philbert Habarugira avuga ko yari mu bashatse gusubiza Uburundi intahe mu kwezi kwa gatanu.

Uwo mu general amenyesha ko abasirikare bamaze kuronka ari abatari bake kandi ngo biteguye bikwiye kugira bashobore gusubiza Uburundi mu minwe ya benebwo, ivyo kandi ngo sivyakera ngo ni vuba cane.

Ku kibazo c’abasirikare boba barikumwe nabo yamenyesheje ko ari abatari bake kuko n’abandi benshi gose bari mu nzira kubera babandanya batotezwa kandi baca babegera kugira bifatanye mu rugamba. Yanamenyesheje ko batari kure kuko Bari hagati mu gihugu c’Uburundi kandi ko bari ahatari hake. Kandi ng’uwuri ku mutwe w’ico gisoda ngo n’intwazangabo General Godefroid Niyombare.

Ibijanye n’ibikorwa bavuga ko umurwi wa pr. Petero nkurunziza uriko urakora tuzobibashikiriza hanyuma.