kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 15 Kigarama niho habaye ugushingurana iteka Nelson Mandela. Ibirori vyo gushingura iyo mboneza vyabereye i Qunu aho Madiba yavukiye
Ugushinguranwa iteka kwa Nelson Mandela kwatanguye igihe c’isaha zibiri y’agatondo, kw’isaha yo muri Afrika y’Epho. Ni ukuvuga isaha cumi na zibiri z’agatondo kw’isaha mpuzamakungu. Ayo maziko akaba yatanguwe n’ururirimbo “Lizali’sidinga lakho” bisigura “Shikana ivyo wemeye”. Nelson akaba yahambwe mw’itongo ry’umuryango wiwe i Qunu, ahari hakoraniye abantu isinzi barenga 4 500.
Ayo maziko y’ico gihangange c’ikinjana ca 20 yari yitabwe b’abanyecubahiro. Aha twovuga nk’umuganwa Karori w’Ubwungereza, abahoze ari abashikiranganji b’Ubufaransa : Lionel Jospin na Alain Juppé, umunyamerika Jesse Jackson aharanira agateka ka kiremwa muntu ndetse n’umugendanyi wa Nelson Mandela, Desmond Tutu akaba yari yishikiye muri ayo maziko.
Imboneshakure zo muri Afrika y’Epfo, hafi nka zose zikaba zariko zirerekana ivyo birori. Mu gihugu cose ndetse no mu bindi bihugu vyinshi kw’isi abantu bakaba bariko barakurikirana ivyiryo shingurwa. Ariko nkuko umuryango wa Nelson Mandela wari wabisavye, isaha zine, ivyuma bifata amasanamu vyahagaritswa. Aho hakaba hari hageze gushira mu ntatemwa Nelson Mandela.
Abantu 450 gusa bo mu muryango wa Mandela n’abawegereye cane nibo bashoboye kuba muri ico kibanza mu mwanya wo kumushira mu ntatemwa. Kure y’ivyuma bifata amasanamu, ibirori bikaba vyabandanije birongowe n’uwitwa Thembu akomoka mu bwoko bw’aba xhosa. Aho bakaba baza kwambaza abasokuru ndetse hubagwa impfizi batanzeko inkuka.
Ivyo birori bikaba bisozereye iminsi 10 yo kwunamira iyo ntwari ya Afrika yashengeye kw’igenekerezo rya 5 Kigarama 2013.
Nelson Mandela Yakundwa na benshi ariko Imana yo yamukunze kurusha ” Imana imwakire mu bwami bwayo bwo mw’ijuru Amen !
Recent Comments