Malawi: Umurundi yishwe aturiwe.

0

Mu gihugu ca Malawi, hari umurundi w’imyaka 28 yishwe aturiwe ku musi wa gatanu mu gace ka Kambilondjo, akaba yaturiwe n’akarwi k’abantu bari bashavuye bagiriza uyo murundi gukora urudandazwa rw’ibihimba vy’abantu.

Mu kinyamakuru Nyassa Times co muri Malawi, uyo Murundi yitwa Andre John, akaba yagirijwe gukira urwo riddandaza inyuma y’aho hatorewe ikiziga c’akana k’akigeme kabonetse ko kadafise ibihimba binaka vy’umubiri.

Igipolisi caho muri Malawi kikaba kimenyesha ko ako karwi k’abantu bari bashavuye baciye baturira inzu y’uwo murundi yagirizwa gukora urwo rudandazwa rutemewe n’amategeko.

Ako karwi k’inkozi zikibi kakaba katuriye n’imodokari yuwo murundi yaba muri malawi, bongera baronona imodoka y’umubanyi yagirizwa guhishira uyundi muntu yagirizwa gukorana n’uyo murundi yishwa, nk’uko Nyassa Times ibimenyesha.