Malawi: Umurundi Yakatiwe Gufungwa Imyaka 6 Kubera Gutera Inda Umwana W’imyaka 14.

0

Mu gihugu ca Malawi, hari umurundi yitwa Juma Leonard, yahanishijwe igihano c’imyaka 6 hamwe n’ibikorwa vy’umuruho kubera yagirizwa kwonona no gutera inda akigeme k’imyaka 14.

Nk’uko ikinyamakuru c’aho muri Malawi ,Nyassa Times, kibimenyesha, uyo Juma Leonard( Kw’ifoto) yahora akorera mu bijanye n’ubudandaji ku murwa mukuru w’ico gihugu ariwo Lilongwe, kandi akaba yakoze ico caha mu kwezi kwa Ndamukiza 2017.Umushikirizamanza wa Malawi, Esnart Phiri, yakoresheje ivyabona bine kugira bagirize Juma Leonard uwutahakana ko yakoze iryo kosa.

Mu ntango, Juma Leonard akaba yari yaremeye ikosa maze asaba ikgongwe hama aremera ko azokwitaho uyo mwana na nyina, naho asanzwe arongoye uyundi mugore w’umurundikazi. Muri urwo rubanza, abacamanza baridoze ko ivyo gufata ku nguvu utwana tw’udukobwa dutoduto vyeze ngaho muri Malawi.

Ubucamamza bw’aho muri Malawi bukaba bwamenyesheje ko uretse ko bituma utwo twigeme tumererwa nabi mu vy’inyiyumvo, ubuzima bwabo nabwo bwa kazoza buba bwononekaye.Igipolisi c’aho muri Malawi kikaba cagabishije abo bose bafise ingeso yo kuryamana n’abana b’abakobwa bari munsi y’imyaka 18 ko “bitarekuwe n’ibwirizwa Shingiro”.

Mwomenya ko aho muri Malawi hari Abarundi batari bake, benshi bakaba baba mu nkambi y’impunzi yitwa Dzaleka iri hafi y’umurwa mukuru Lilongwe