Makamba : Incuti y’umukenguzamateka Oscar NTASANO yagandaguwe

0

Mu gihe gushika n’ubu ukwezi guheze atawuzi irengero ry’umukenguzamateka Oscar NTASANO, uwundi muntu w’incuti yiwe yagandaguwe n’abantu bataramenyekana. Berenadeta BARAGENGANA w’imyaka 70 yishwe anizwe, ikiziga ciwe kikaba catowe mu nzu yahora abanamwo n’umukozi yamufasha ibikorwa vyo mu nzu. N’aho atawuramenya uwishe uwo mutamakazi, ababanyi biwe bikeka uwo mukozi, kuko atawuzi aho ari kuva uwo muntu agandaguwe.

Oscar NTASANO yahoze ari umushingamateka w’Uburundi yaburiwe irengero, imodoka yiwe igatorwa yagize isanganya i Muyinga, irimwo ikiziga c’umugabo azwi kw’izina rya Lambert BITANGIMANA bivugwa ko yoba ari umukozi w’igendereza ry’Uburundi.

Amatohoza yakozwe n’ishirahamwe FOCODE avuga ko uwo yatowe ikiziga yatawe mu mutego n’abo bakorana mw’igendereza, bamuhamagariye akazi kamurindiriye i Ngozi, agafatwa n’abantu bari bambaye impuzu z’igiporisi c’Uburundi. Nk’uko Pacifique NININAHAZWE arongoye ishirahamwe FOCODE yabimenyesheje, uwo Lambert BITANGIMANA yishwe anizwe, ashirwa mu modoka y’uwo mushingamateka yari yamaze kunyuruzwa ari mu kibanza kitazwi.

Oscar NTASANO ni umurwizatunga mwene ihoteri NONARA Beach iri hafi y’ikiyaga Tanganyika i Bujumbura, ikaba ipanzwe n’abakozi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Yaburiwe irengero kuva kw’igenekerezo rya 20 Ndamukiza 2017.

NTASANO yabaye ubwa mbere umukenguzamateka (Sénateur) aserukira intara ya Makamba kuva mu mwaka w’2005 gushika mu 2010.