UBM News ads

M23 ifashijwe nu Rwanda boba batanguye gutera Uburundi canke ni isanganya !

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Hari abagumye bambaza ivya bereye mu Rugombo,bibaza ko hatewe sivyo!!

Ni Igisasu cavuye muri Congo kurubuga rw’Intambara zibera Kamanyola caguye k’ubutaka bw’Uburundi kandi ivyo vyama vyabaye henshi. Ico gisasu ngo cakomerekenje umwana umwe,Ndibuka ko mu Rwanda vyigeze kuba bigahitana n’Abantu kandi bivuye Congo nyene! Rero ntihagire Abasimbwa n’Umutima ngo Igihugu catewe Oya!! Ariko kandi RDF/M23 mumisi Itatu iheze baragomvye kwegera cane umupaka w’Uburundi. Ariko ikosa rimwe bokora ni Ukwinjira mu Burundi,Intambara yoca ishika kandi igaherera iyo yazananye,ivyo nabo barabizi neza!!

Hama hari Ikindi nagira mbwire Abantu bankurikirana,jewe ntamusi numwe noja ngaho ngo nce Intege Igisirikare cacu,canke nkore babandi batubwira Abasirikare bapfuye k’uruhande rw’Uburundi gusa ntibatubwire abo kurundi ruhande nkaho umengo bobo ni ama Robots adapfa!! Ivyo ntavyo nkora kuko jewe ndi umu Patriote yiyemera kandi nkundisha Igihugu canje umutima wanje wose!! Nta musi muzokwigera mubona Amabanga yo mugisirikare ngaha,Kuko Igisirikare gifise Umuvugizi waco kandi abishoboye!!!

Burya ku Rugamba iyo umwansi wawe amenye Amakuru yawe,ni inusu yo kugutsinda!! Rero barya bavuga birya bafise ico baba bagamije,ni kimwe mu nzira zo gutsindisha Uburundi!!

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments