Abarundi barabuze connexion ariko lumitel ijanye imiliyaridi 3 gushigikira umugambi mushasha “Natwe duterimbere”utangujwe na Angeline Ndayubaha Umutambukanyi wa Prezida Ndayishimiye.
Umuyobozi mukuru wa Lumitel Phan Truong Son
Akavuga ko ibihumbi vy’abarundi bagiye kuronka amazi meza muri uwu mugambi wa Angeline Ndayishimiye.

Ku musi w’ejo igenekerezo rya 19 Nyakanga 2025,umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Angeline Ndayishimiye yatanguje umugambi “Natwe Duterimbere”ujanye no kwegereza amazi meza abanyagihugu bo muri Butanyerera,Buhumuza,Gitega na Bujumbura.
Ibikorwa nyezina Bikaba vyatanguriye mu kibimba ku mwonga kinyamaganga akaba ariho hagiye kubakwa ikigega c’amazi,azoca ashika kubitaro clinique Umugiraneza vya Angeline Ndayubaha Ndayishimiye.
Uyu mugambi Natwe Duterimbere ukaba ugiye gushigikirwa n’ishirahamwe lumitel ku nfashanyo y’imiliyaridi 3 mu mafranga y’amarundi.
Lumitel isanzwe ifise ibibazo aho yananiwe no gutanga connexion inyaruka kubenegihugu aho lumitel ivuga ko hakenewe uburyo cane cane ama devise kugira izane ivyuma bigezweho .
Kuba Lumitel yoshigikira ibikorwa vy’iterambere ry’igihugu ni vyiza ariko biragoye gutahura ingene ijana amafranga mu bindi bisata kandi ayo mafranga yofashije kugura ibindi vyuma vyotuma umwenehihugu aronka connexion nziza.
Aha rero birerekana ko ishirahamwe lumitel rishigikiwe na bimwe mu bihangange vya CNDD-FDD kuko nta kuntu abarundi boguma batabaza ngo baronswe connexion ariko rya shirahamwe lumitel rikabifata ibisanzwe.
Umuyobozi mukuru wa Lumitel Phan Truong Son avuga ko ahubwo ubu ibihumbi vy’abarundi bagiye kuronka amazi meza,bacungure umwanya Bata baja kuvoma.





Recent Comments