LOP’S MIRACULO ngo ntivyamworoheye kugira ashike mu gihugu ca AFRICA Y’EPFO.

0

Umuririmvyi w’umurundi LOP’S MIRACULO yamenyekanye cane kubera indirimbo yakoranye n’umuririmvyikazi Chany Queen,indirimbo yitwa LIKE ADAMA NA FLAVOUR ngo vyaramugoye cane kugira ashike mu gihugu ca Africa y’epfo nkuko yaraye abimenyesheje ikinyamakuru canyu ubmnews.com mu kiganiro twaraye tugiranye ahari mu gihugu ca Africa y’epfo.
lop's1
LOP’S MIRACULO akaba yabwiye ikinyamakuru canyu ubmnews.com ko kugira ashike mu gihugu ca Afrika y’epfo ngo vyaramugoye cane kuko ngo nuwamutwaye baburanye bamaze gushika muri ico gihugu ngo IMANA yagize ngo nuko yahuye n’umwigeme yamumenye kubera indirimbo baririmbanye na Chany Queen uyo mwigeme yarayizi,LOP’S MIRACULO akaba yamenyesheje ko yamaze iminsi myinshi aryama mu musigiti kubera kubura aho aryama bivanye n’ingene yagiye mu buzima bugoye.
lop's
Twobamenyesha ko LOP’S MIRACULO yamaze gukora indirimbo kuva ashitse muri ico gihugu,indirimbo yafashije CRAZY JAY na GRAZON.