Lolilo na Loliane barabeshuza inkuru zimaze iminsi zibavugwako.

0

Muma quartier atandukanye y’igisagara ca bujumbura hamaze iminsi havugwa inkuru ko lolilo na loliane boba barahukanye muri kino gihe ngo bivanye nuko loliane yafashe lolilo mu cibitoke ariko aramuvanga n’uwundi mwigeme, ayandi makuru nayo amaze iminsi avugako loliane muri kino gihe atakibarizwa mu burundi, ko yoba yaragiye mu kindi gihugu akagenda atanasezeye umugabo wiwe lolilo.

lolilo na loliane

Nyuma yo kumva ayo makuru,ikinyamakuru canyu ubmnews ceregereye abo baririmvyi uko ari 2 kirababaza ku bimaze iminsi bivugwa ko vyoba arivyo canke ari ububeshi,loliane ati:Abantu basiba kurima ntibasiba kuvuga so ndatangazwa naho ayo majambo bayakura,amajambo y’ububeshi so ivyo sivyo n’ububeshi .
lolilo na loliane 2

Lolilo nawe ati:abantu ivyo batuvugako sivyo nagato je na loliane turakundana kandi ntiturota dutandukana,abantu nibareke kuza baravuga ivyo batazi.

Twobamenyeshako igihe twaja kuraba abo baririmvyi twasanze bicaye bariko baratwenga biboneka ko bari baryohewe cane