Lolilo asaba abaririmvyi ko boreka kwivanga muvyapolitike kuko bitabaraba.

0

“Politike tuyirekere abanyapolitike hanyuma umwe wese akore akazi kiwe”,ayo niyo majambo y’umuririmvyi Lolilo aho avuga ko mugihe abandi batwawe na politike we yagumye akora akazi kumuziki ndetse akaba agiye gusohora ireresi.Ubugeni nabwo ngo ni vuba kuko kubana n’umugore batagize ubugenii ngo vyari vyamurambiye.

lolilo

Hambavu y’ibiteramo amaze igihe arimwo mu bice bitandukanye vy’igihugu c’uburundi ndetse n’indirimbo amaze gusohora harimwo Sokoza yakoranye na Mr Champagne ndetse n’izindi ziri muri studio,umuririmvyi Lolilo ubu igikorwa yashizemwo inguvu cane ni ireresi ariko arakora.

Iyo reresi yise “The Hotage” nkuko Lolilo yabitwiganiye, ngo itegurwa ryayo rigeze kure.Umusi wo kuyishira ahabona ni mu birori vyo kurangiza ukwezi kweranda abasilamu bamazemwo igihe mu giteramo kizobera mu Rumonge kuri uwo musi aho hazonadandazwa ama Cd ariko iyo reresi ndetse na album nshasha nayo nyene y’indirimbo ariko arakora.Bukeye bwaho, igiteramo nkico ngo azoca agikorera mu gisagara ca Bujumbura hanyuma ace abandaniriza no mu gihugu hagati.

Lolilo mu kiganiro twagiranye arashimira Imana ko mugisagara ca Bujumbura ubu umutekano uriko uragaruka,ivyo navyo bikaba vyorohereza abaririmvyi bashaka gukora ibiteramo mu mutekano.Ku bihe vya politike igihugu kirimwo,Lolilo ahanura bagenziwe ndetse nabatari abanyapolitike gukora ivyo bajejwe politike bayirekere abanyapolitike.

lizzo

Ati :”abanyapolitike tubasabe baduhe amahoro twikorere akazi kacu hanyuma umuntu wese akore akazi kiwe areke kwivanga muri politike kuko ubuzi buragabuye.Abaririmvyi bagenzi banje bari hanze vyaranezereje ko bariko barakora narabonye hari abamaze gukora ibiteramo,ni vyiza ni bakore ntakwicara.Abaririmvyi bagenzi banje bari hanze ni bagaruke mu Burundi tubandanye dukora duteze imbere umuziki n’igihugu.”

Bimwe mu bindi bikorwa arimwo ni ugukora amasanamu y’indirimbo “Turarushe” ivuga kuvyo igihugu kiriko kiracamwo aho ahamagarira abantu gukundana.Lolilo n’umugore wiwe Loriane bakaba baheruka guhabwa umuhezagiro muri Islam aho basanzwe basengera.Gukwa vyaraheze ariko ibirori nyezina vy’ubugeni ngo bizoba ukwezi kweranda kwa Ramadhan guheze.

UBM News tubibutse ko ireresi The Hotage ije ikurikira iyitwa Mwiba yashize ahabona mumpera z’ukwezi kwa mbere uyu mwaka wa 2015.