Inyuma yo gukora amajwi y’indirimbo sana tu,umuririmvyi Lolilo yaramaze imisi mu gikorwa co gufata amasanamu ,ubu akaba yatanguye gutunganywa.
Inyuma y’indwi 2 gusa ashize ahabona ireresi yiwe yise Mwiba,umuririmvyi Lolilo wo mugihugu c’uburundi agiye gushira ahabona amasanamu y’indirimbo Sana tu imaze imisi mike igiye hanze muburyo bw’amajwi .
igikorwa co gufata ayo masanamu kikaba cabaye ku musi w’Imana igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2015 mu Buyenzi mugisagara ca Bujumbura.Umuhinyanyuzi Kent-p akaba ariwe agiye gutosora ayo masanamu neza kandi vuba ngo amasanamu yiyo ndirimbo araja ahabona.
Amasanamu y’indirimbo Sana tu azoba akurikiye amasanamu y’indirimbo « Ni wewe » yakoranye n’umukunzi wiwe Loliane. Tukabibutsa ko ivyo vyose bije bikurikira igikorwa yaheruka gukora co gushira ahabona ireresi yiwe nshasha yise « Mwiba »,hari kw’igenekerezo rya 24 Nzero 2015 kuri Biso na Biso mu Kinama.
SRC: Afrifame
Recent Comments