Loliane yakeje Knwoless kubona yaratahukanye Primus Guma Guma

0

Umuririmvyikazi w’umurundi akongera akaba umutambukanyi wa LOlilo ariwe Ingabire Nadaud Lycette benshi bazi kw’izina rya Loliane yabaye umuririmvyi wa 1 akeje Knwoless nyuma yaho atahukaniye ihiganwa Primus Guma Guma hari ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 15/8/2015.
lolianeknwoless 1
Loliane na Knwoless

Loliane akaba yabwiye ikinyamakuru canyu ubmnews ko yari yizeye knwoless ko azotahukanya iryo higanwa kuko ngo yariwe mukobwa wenyene yakoze cane uyu mwaka kandi ko yari yashizemwo uburyo bwinshi kugira atahukane iryo higanwa.
loliane 2
Igihe twamubaza ati:nk’umuririmvyikazi w’umurundi harico vyakunguye kubona Knwoless atahukana Guma Guma? loliane akaba yatwishuye ati:nk’umuririmvyikazi w’umurundi ivyo biduha akarorero ko gukora cane kugira dushike aho hantu canke tunaharenge.
knwoless 1
Twobamenyeshako Loliane abaye umuririmvyi wa 1 akeje Knwoless kuva atahukaniye Primus Guma Guma.