Ligue ITEKA rimenyesha koo abantu 26 bishwe mu kweza kwa mbere kwa 2017

3

Ishirahamwe ryinshinze gukingira agateka ka zina muntu Ligue ITEKA rimenyesha ko abantu 26 bishwe,20 barahohoterwa abandi icenda baraburirwa irengero mu kwezi kwa mbere mu mwaka wa 2017.

Nkuko biri mu cegeranyo c’ishirahamwe Ligue ITEKA,abagirizwa ivyaha vyo guhagarika no guhohotera ni bamwe mu bapolisi,bamwe mu bakorera urwego rw’igendereza hamwe na bamwe mu basirikare.

Ico cegeranyo c’ishirahamwe Ligue ITEKA cagiye ahabona mu ntango z ‘ukwezi kwa kabiri umwaka wa 2017 kimenyesha kandi ko abantu bashika 322 aribo bahagaritswe hadakurikijwe amategeko.

Ishirahamwe ryishinze gukingira agateka ka zina muntu Ligue ITEKA rimenyesha kandi ko urwaruka rw’imbonerakure rw’umugambwe uri ku butegetsi rufise uruhara mw’ihnyangwa ry’agateka ka zina muntu rikrwa mu Burundi.

Ishirahamwe Ligue ITEKA rimenyesha kandi ko ritewe impungenge n’ihagarikwa ry’abasirikare bahze mu gisirikare ca Reta ,inyuma y’igitero cabaye kw’ikambi y’abasirikare ya Mukoni mu ntara ya Muyinga.

3 COMMENTS

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here