Libérât Mfumukeko Aragirizwa Kunyuruza Amatungo y’Ishirahamwe ry’Ibihugu Vya Afrika y’Ubuseruko.

0

Amatohoza ku vyuko hoba harabaye ubusuma no ku kunyuruza amatungo y’Ishirahamwe rya EAC yatanguye ku cicaro gikuru c’iryo Shirahamwe. Libérât Mfumukeko ava mu Burundi, ubu akaba ariwe Umunyabanga Mukuru w’iryo Shirahamwe rya EAC, niwe ahanini yagirizwa muri iyo dossier yo kunyuruza amatungo ya EAC.

Nkuko tubikesha ikinyamakuru co mu Buganda citwa Chimp Reports, Umu tanzania Enos Bukuku, icegera ca Ca Libérât Mfumukeko, ajejwe ubutunzi muri iryo Shirahamwe, niwe yatanguje ayo matohoza kugira bamenye impamvu.

Ivyagiriji kuri Libérât Mfumukeko, ubu ari Umunyabanga mukuru wa EAC, biza bivuga ko agira uruhara mu vyo kunyuruza mu gihe co gutanga amasokó. Docteur Enos Bukuku aravuga ivyerekeye isokó ryatanzwe na Libérât Mfumukeko ariha ishirahamwe rya assurance M/S Liberty Insurance.

“Iryo shirahamwe ryari rikwiye gukurwa mu mashirahamwe akorana na EAC kuko harabaye ibitagenze neza mu gihe co guhabwa iyo sokó”, niko Docteur Enos Bukuku avuga mwico kinyamakuru Chimps Reports.

Libérât Mpfumukeko, Umunyamabanga wa EAC

Ikinyamakuru Chimp Reports kiremeza ko “ amatohoza adasanzwe “ yasabwe na Docteur Enos Bukuku ku Munyamabanga wa EAC Libérât Mfumukeko yamaze gutangura ku musi wa gatatu itariki 3/5/2017.

Umunyabanga wa EAC, Libérât Mfumukeko, aragirizwa kandi kunyuruza 200 000 USD( nkamarundi arenga imilioni amajana atanu) yakoreshejwe ku migambi imwemwe y’Ishirahamwe EAC. Dr Enos Bukuku akaba avuga “akagwi kagisibije” muri EAC, harimwo na Libérât Mfumukeko.

Libérât Mfumukeko akaba yagirizwa kandi gukoresha imiduga y’iryo Shirahamwe EAC mu bikorwa vyiwe bwite mu gihe amategeko agenga iryo Shirahamwe yiyamiriza gusesagura ubutunzi nkuko!