Leta zunze ubumwe za Amerika imenyesha ko abahuza ibitsina babisangiye batotezwa cane mu Burundi n’abajejwe intwaro hamwe n’abanyagihugu bakabura uwo bitura haba muri Leta canke mu butungane kugutinya kwicwa kuko bitemewe mu Burundi.Ibi biri mu ceregeranyo cuko agateka ka zina muntu kari kifashe mu mwaka wa 2023 caraye gisohowe na Leta zunze ubumwe za Amerika

Leta zunze ubumwe z’Amerika yaraye isohoye icegeranyo cuko agateka ka zina muntu kari kifashe muri 2023,muri ico cegeranyo c’impapuro 55 Leta zunze ubumwe z’Amerika baragarutse kubahuza ibitsina babisangiye aho bahohoterwa cane n’abajejwe intwaro mbere bakabura uwo biura kubera gutinya guhanwa kuko abo bahuza ibitsina babisangiye mu Burundi batemewe kuko ico caha gihanwa n’amategeko y’uburundi.
Leta zunze ubumwe z’Amerika ivuga ko Leta y’uburundi itarigera ikora amatohoza canke ngo ihane aba batoteza uwo murwi w’abarundi kuko amategeko y’uburundi atavuga ingene abahuza ibitsina babisangiye bashobora guhanwa.
Guhera mu mwaka wa 2023 Umukuru w’igihugu Evarisye Ndayishimiye yaratangaje kumugaragaro ko abahuza ibitsina babisangiye bakwiye guterwa amabuye mbere yongera kubisubiramwo mu ntango za 2024 mbere agirako amenyesha ko no kubizira ashobora no kubizira hook yemera ako kabi kabishe mu gihugu arongoye.ico gihe ibihugu bitari bike haba kumugabane wa burayi na Amerika bariyamirije iyo mvugo ya varisto Ndayishimiye.





Recent Comments