Leta Y’Uburundi Na CNARED Ntaco Bashitseko i Helsinki.

0
Igisagara ca Helsinki, Umurwa mukuru wa Finlande.

Nkuko vyari vyagaragaye, Leta y’Uburundi yari yatanguye umubonano wo mw’ibanga hamwe n’abo itavuga rumwe bahurikiye mu runani CNARED I Helsinki mu Gihugu ca Finlande kuva ku wa 31 Mukakaro 2017 gushika uyu musi itariki 2 Myandagaro 2017. Uyo mubonano ukaba wari ufashwe mu mugongo n’Ishirahamwe ryo muri ico gihugu ca Finlande,Crisis Management Initiative (CMI).

Leta y’Uburundi yari yakoranye mu kuyaga na CNARED ku kibazo kiri mu Burudi cavyuwe n’ikindi kiringo ca Pierre Nkurunziza kuuva muri 2015. Nkuko isôko ry’iyi nkuru ribimenyesha, uwo mubonano hagati y’abaserukiye leta y’Uburundi ntiworoshe na gato.Leta y’uburundi yashatse kwumvisha abanyapolitike bahunze kugira batahe maze bategure amatora ya 2020, ariko ico gisabo ca Leta y’Uburundi nticumviwe.

Urunani CNARED, urunani rutavuga rumwe na Leta y’I Bujumbura, ruhagarariwe na UPRONA na MSD, rwaragaragaje amakenga rufise yo gutahuka mu Burundi. Abagize urwo runani bakaba basavye ko “umurwi w’inkozi z’ibibi”( milice) Imbonerakure wosamburwa, hama hakajaho Sentare idasanzwe mu Burundi, hakaba ukuregutswa mu Butungane ku bategetsi bamwe bamwe b’Uburundi, hakaba ukugabura ibibanza mu Nama Nkenguzamateka, mu Nama Nshingamateka hamwe no mu ntwaro, hanyuma hakabaho nugusubiramwo uko inzego z’igisoda n’igipolisi zitunganije.

Naho ivyo bisabo vya CNARED vyashikirijwe, Leta y’uburundi ikaba yavyamiriye kure, maze bikabonekako abahuza hamwe n’abafasha mu biganiro bihuza Abarundi bazokora cane kugira bagondoze izo mpande zibiri maze zigire ico zihevye kugira Uburundi n’Abarundi batunganirwe, kuko Ubuzima bwa misi yose bw’abanyagihugu butera buba nabi bivanye n’ibiciro bibandanya biduga.