Leta y’Uburundi iragabisha abategetsi boshaka ‘kwitekerera’ inyuma ya manda zabo

0

Leta y’Uburundi yaraye ishize ahabona itangazo ryo kugabisha abategetsi boshaka ‘kwitekerera’ inyuma ya manda zabo na cane cane ko amatora yegereje.

Leta y’Uburundi yarashizeho umurwi ujeujejwe gukurikirana abo bose mu bategetsi boshaka kunyuruza ubutunzi bw’igihugu mu guha uburengenzira uwo wese yobona uwushaka ‘kwitekerera’.

Ijambo kwitekererea rirakoreshwa na cane cane mu bihugu bikenye nk’Uburundi kubera ko abategetsi batari bake iyo barangije ibiringo vyabo baca banyuruza ubutunzi bw’igihugu maze ‘bakazobwikorako bamaze kuva mu mabanga yabo’.

Uwo murwi ukaba waratanze inomero yo gushengeza abo bose boshaka ‘kwitekerera’ muri iki gihe amatora yimirije kandi inomero itariha ariyo 300.

Abashengeza abo bategetsi basabwe kandi no guca kuri WhatsApp numero +257 68 29 56 25 canke kuri email adhoc.commission2020@gmail.com