UBM News ads UBM News ads
Wednesday, July 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Leta y’uburundi igiye gukemura ikibazo c’igitoro-Marie Chantal Nijimbere

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo ubudadanji Marie Chantal Nijimbere yaraye amenyesheje ko Leta igiye kuzana igitoro gishobora kumara amazi 3 kidaheze.ibi yabishikirije inyuma y’inama rukokoma yo mu gisata co gutwara abantu n’ibintu yari imaze imisi 2 mugisagara ca Bujumbura.

Inyuma yaho hibonekeje ikibazo gikomeye c’igitoro mu gihugu cose,harakoranye inama rukokoma irongowe n’umushikiranganji w’ubudandaji Marie Chantal Nijimbere hamwe n’abo mugisata co gutwara abantu n’ibintu yamaze imisi 2 yatanguye kuri uwu kane igenekerezo rya 13 ruheshi 2024 irangira ejo ku musi wa gatanu igenekerezo rya 14 ruheshi 2024.muri iyo nama barabiye hamwe ikibazo c’igitoro kimaze imisi cibonekeza mugihugu hamwe n’icokorwa kugira ico kibazo gikemuke.

Marie Chantal yaramenyesheje ko Leta iriko irakora uko ishoboye kwose kugira kino kibazo gitorerwe umuti mbere vuga Leta igiye kuzana igitoro kizomara amezi 3 kidakamye.yagize ati:«Iyi nama ibaye mu gihe hari ibindi bibazo mu gisata co gutwara abantu n’ibintu aha novuga nk’ibura ry’igitoro ari naco kibazo cabonetse gikeneye gutorerwa umuti vuba cane mumezi 3.»

Ikibazo c’igitoro kimaze imisi ari akananirabahinga mu gihe no kwiyunguruza bisigaye ari ikibazo kitoroshe mu gihugu c’uburundi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments