Leta ya Bujumbura ngo nifate abamuhohoteye kuko barazwi

0

Uburundi ngo nibureke guhuma amaso amakungu nibafate bahohoteye Esdras kuko barazwi nababakoresheje.

2EhgQwfQ

Abakubaguye umumenyeshamakuru wa RFI I Burundi ngo barazwi na leta ya Bujumbura nibabafate, ivyo vyamenyeshejwe na Patrick Nduwimana asanzwe arongoye insamirizi zisamiranira I Burundi. Akaba yabivuze yishimikije ko abakozi bo mwiperereza bamutwaye uwo mumenyeshamakuru bahawe uruhusho nababatwara kuko na Esdras we nyene yatitabarije ariko bamubwira ko ari utubazo duke bagiye kumubaza.

Ivyo bishikirijwe inyuma yaho habonekeye itangazo ryo mu biro vy’umukuru w’igihugu bisaba abajejwe iperereza gufata abahohoteye uwo mumenyeshamakuru. Kubwa Patrick ngo ivyo bibaye mu ntumbero yo guhuma amaso abamakungu.

Mwokwibuka ko Esdras umumenyeshamakuru wa RFI mu Burundi yafashwe ariko afata ama foto igihe hapfa Lt. Gn. Adolphe Nshimirimana. Uno musi akaba ari muri Kenya aho ari kwivuriza.