Leta ntaco idakora ngo Uburundi ntibusubire mu ndyane

0

Leta ya Nkurunziza ngo ntaco idakora ngo uburundi ntibusubira mundyane z’amako. Imwe mu nzira ngo nugushengeza abagirizwa amabi amwe amwe mu yariko arakorwa.

nyamitwe

Alain nyamitwe asanzwe ari umushikiranganji w’imiganderanire y’uburundi nayandi makungu, yamenyesheje ku nsamirizi VOA ko Leta ihurikiyemwo Bose izoshingwa mu bihe vya vuba nkuko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yavyemeye. Ngo iyo Leta nayo ikazoba yubahiriza ibwirizwa shingiro hamwe n’amasezerano ya ARUSHA.

Alain nyamitwe yabandanije amenyesha kandi ko aberwa n’ibibazo bihanze Uburundi bategerezwa kwicara hamwe bakaganira ngo kugira ibibazo bitorerwe umuti. Nayo ku kibazo c’abagize Leta nshasha ngo bazomenyekana vuba cane umukuru w’igihugu ngo Nico gikorwa arimwo.