Leta y’Uburundi iriyamiriza itotezwa ry’umumenyeshamakuru wa RFI

0

Ibiro bikuru vy’umukuru w’igihugu rubicishije kurubuga rwayo rwa Twitter, rwasohoye itangazo muri kano gatondo aho rivuga ko ryiyamirije ihohotegwa ry’umumenyesha makuru w’i radio ry’abafaransa RFI.

Nkurunziza_0_0

Iryo tangazo rikaba rivuga kuvyerekeye ingendo mbi kandi itabereye mu gihugu kirimwo amategeko. Rikongera rikavuga ko umukuru w’igihugu ubwiwe yatumyeko umuyobozi w’ibiro bishinzwe iperereza vyihutirwa kugira barabire hamwe ico kibazo kandi bongere bahane ababisha bakoze iryo bara.

leta

Itariki zibiri nyandagaro 2015, Esdras Ndikumana umumenyesha makuru wa RFI na AFP yarasinzikarijwe ubuzima n’abajejwe iperereza aho yariko afata amafoto ahabere igandagurwa rya General Adolphe Nshimirimana.