Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeNewsLéonce NGENDAKUMANA yaciriwe umunyororo w’umwaka wose hamwe no kuriha umuriyoni (...

Léonce NGENDAKUMANA yaciriwe umunyororo w’umwaka wose hamwe no kuriha umuriyoni ( 1.000.000 FBU )

Léonce NGENDAKUMANA, umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU, akaba n’umukuru w’urunani ADC Ikibiri yaciriwe umunyororo w’umwaka wose, n’ihadabu y’umuriyoni w’amafaranga y’amarundi.

Umukuru w’urunani ADC Ikibiri, akaba n’uwurongoye umugambwe Sahwanya FRODEBU yitwariwe mu butungane n’umugambwe CNDD FDD, hamwe n’insamirizi Rema FM, bamwagiriza ko mw’ikete yarungikiye umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki Moon, kw’igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2014, aho yavuga ko mu Burundi hoba hariko harategurwa ihonyabwoko, yakoresheje imvugo yo gutyoza n’ukubiba urwanko rufatiye ku moko mu Burundi. Mu vyaha Léonce Ngendakumana yagirizwa, harimwo gutyoza umugambwe CNDD FDD n’insamirizi Rema FM, kwambika ibara inzego z’igihugu, hamwe n’ugucapfuza izo nzego.


Léonce Ngendakumana arongoye urunani ADC – Ikibiri, n’umugambwe SAHWANYA FRODEBU

Muri ntahe iheruka, kw’igenekerezo rya 2 Nyakanga 2014, abamuburanira babandanije berekana ko ivyo Léonce Ngendakumana yagirizwa bitarivyo, kandi ko n’urwo rwandiko atarurungitse kw’izina ryiwe, ahubwo nk’umukuru w’urunani ADC Ikibiri.
Kuri ivyo vyaha yagirizwa, abashingwamanza b’umugambwe CNDD FDD basavye ko Léonce Ngendakumana yohanishwa ihadabu y’amafaranga imiriyoni cumi z’amarundi, ariko uwari ahagarariye amategeko muri iyo ntahe amusabira ihadabu ry’ibihumbi ijana hamwe n’umunyororo w’imyaka itanu. Urubanza rwaciye rushirwa mu mwiherero, bikaba vyari bitegekanijwe ko rusomwa imbere yo kuri uwu wa kane, igenekerezo rya 2 z’ukwezi kw’icumi 2014.

Urwo rubanza rwasomwe kuri uwu wa kane, sentare ikaba yamuciriye umunyororo w’umwaka wose, n’ihadabu y’umuriyoni w’amafaranga y’amarundi. Urwo rubanza ruciriwe umukuru w’urunani ADC Ikibiri mu gihe hari hasigaye amezi umunani gusa mu Burundi amatora agatangura.

Sources : Igihe Burundi

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments